Inkino

# Indundi Sports | FFB yashimiye abaterereye mu gufasha Intamba mu nkino zibiri zabahuje na Mauritania

 

ku musi wa kabiri igenekerezo rya 17 Munyonyo 2020, niho uwusanzwe arongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB , Honorable Reverien Ndikuriyo yatumira abagwizatunga baterereye mu nkino zibiri zahuje Intamba na Mauritania kugira baze basangire.

Nyakubahwa Honorable Reverien Ndikuriyo yaboneyeho akaryo ko gushimira bivuye ku mutima abantu bose baterereye kugira intamba zitware neza mu nkino zibiri ziheruka .

Ishirahamwe Musumba Steel ryashoboye guterera Imiriyoni 30.000.000Fb kugira ayo mafaranga afashe kuzibiria ibinogo vyasizwe n’imyiteguro yizo nkino zibiri.

Abagwizatunga baterereye intamba mu rugamba akaba ari : Kazohera Vénérand , Honorable Suguru Olivier , Ndekatubane Abraham , Ntakarutimana Barthelemy , Ntakarutimana Aloys hamwe na Sakubu .

Mugihe amashirahamwe yaterereye ari : BRB , Lumitel, Itracom , Interpetrol , Musimba Steel , Regideso , Bra Getra , Global Port , Bancobu , Socabu , Sogea Satom , Otb tutibagiye na Interbank Burundi .

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037