Inkino

FIFA yaraye ihanye Yanga Africans kubera ukutariha Tambwe Amissi

Kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 02 Ruhuhuma 2021, niho ishirahamwe ritwara umupira w’amaguru kw’isi FIFA ryafata ingingo yo guhana Umugwi Yanga Africans wo mu gisagara ca Dar Es Salaam bivanye no guheranira umukinyi w’umurundi Amissi Tambwe amafaranga angana n’imiriyoni 44 z’amashilingi.

Ibihano Yanga Africans yafatiwe na FIFA ni ukutagura abakinyi bashasha mu kiringo c’imyaka 3 nk’uko bishikirizwa n’ibinyamakuru bitandukanye vyo mu gihugu ca Tanzania, bikavurwa y’uko mu gihe Yanga Africans yoramuka irishe izo miriyoni 44 z’ama shilling uwo mukinyi w’umurundi Amissi Tambwe boca bahabwa uburengazira bwo kugura abandi bakinyi muri uwo mugwi.

Mwomenya y’uko Amissi Tambwe ariwe mukinyi wa mbere amaze  kwinjiriza ibitsindo vyinshi umugwi yanga Africans  mu mateka y’uwo mugwi usanzwe ufise ibikombe vyinshi gusumba iyindi migwi yo mu gihugu ca Tanzania.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037