homepage

Fiston Abdoulrazaq na Colombe bungutse umwana w’umuhungu

Ku musi wa kabiri igenekerezo rya 05 Rusama 2020, isaha 18h00 Ku bitaro vya Kira niho Umutambukanyi w’umusatirizi w’umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba Fiston Abdoulrazaq yibaruka umwana w’umukobwa.

Ku makuru twahawe na Fiston Abdourlazaq ni uko uyo mwana yahawe izina rya Irakoze Keyaan Abdoulrazaq .

Fiston Abdoulrazaq n’umutambukanyi wiwe Nkorerimana Colombe Jabrayah bakaba bamaranye imyaka 3 bubakanye .

Indundi Sports ikaba iboneyeho n‘akaryo ko gukeza uwo muryango.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 686