Inkino

# Indundi Sports | Fiston Abdoulrazaq yafashije Karim Babel

 

 

Umukinyi w’umusatirizi w’intamba mu rugamba Fiston Abdoulrazaq Batazira 4G yafashije Umuririmvyi Karim Babel amaze igihe kitari gito akitswe n’amagara kumvo zo kubura uburyo bwo kwivuza.

Karim Babel akaba asanzwe arwaye amafyigo bigasabwa ko aronka imiriyoni 60 kugira aje kuvurirwa muri Kenya .

Uwo mukinyi w’intamba mu rugamba akaba yaterereye Umuriyoni w’amarundi 1,000000.

Mwomenya ko n’abana ba Nyenicubahiro Umukuru w’igihugu c’Uburundi Everiste Ndayishimiye bari kumwe n’abana b’umugwizatunga Adrien Ntagacika baraye baterereye amadorari ibihumbi 10,000$ hamwe n’imiriyoni 10 z’amarundi .

ku bantu bashaka gufasha Karim Babel boca kuri Lumicash ya 61240334 hama kubari mu mahanga boca kuri CRDB Bank ku nimero zikurikira 02522807185600 ku barundi bashaka kuringika kuri Bank ya CRDB nyene ni 0152807185600.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037