Inkino

Fiston Abdoulrazaq yavuze icatumye aja gukinira Yanga Africans amezi 6

Inyuma yo gushira umukono ku masezerano yo gukinira umugwi Yang Africans wo muri Dar es salaam mu kiringo c’amezi 6 Fiston Abdoulrazaq yashize ahabona icatumye aja gukinira uwo mugwi.

Mu kiganiro yakoranye na Indundi Tv, Fiston Abdoulrazaq yavuze impamvu yatumye aja gukinira uwo mugwi akava muri NPPi mu Misiri, akaba yagize ati : ”Nivyo ngiye gukinira Yang africans mu kiringo c’amezi 6 gusa , bivanye n’uko umugambi wanje wo kuja gukina mu mugwi Etifaq wo muri Arabie Saudite wahagaze bivanye n’ikibuga c’indege co muri ico gihugu cugawe kumvo za Covid 19 naciye mpitamwo gukinira Yang Africans kugira sinicare ikiringo kinini ntariko ndakina ngo mpaka ivo kibugw c’indege cugururwe

Mwokwibuka y’uko Fiston Abdoulrazaq agiye muri uwo mugwi ahasanzwe abandi barundi nk’umumenyereza mukuru Cedric Kaze, umumenyereza w’abanyegori Niyonkuru Vladmir hamwe na Saidi Ntibazonkiza.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037