footballprimus ligue

# Indundi Sports | Flambeau du Centre yaraye inyagiye Bumamuru Fc

Muri za nkino z’ibirarane zari zisigaye kugira igice ca mbere c’ihiganwa rya Primus League rirangiye , umugwi Flambeau du Centre waraye unyagiye Bumamuru Fc .

Hari kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 14 Kigarama 2022, aho umugwi Flambeau du Centre wo mu ntara ya Gitega wari wakiriye umugwi Bumamuru Fc mu rukino rw’ikirarane rw’indwi igira 14. urwo rukino rwarangiye Flambeau du Centre inyagiye Bumamuru ibitsindo 3-0.

Icatangaye abantu rero n’uko ivyo bitsindo vyinjiye mu minota ya nyuma , aho igitsindo ca mbere cinjiye ku munota wa 81 cinjijwe na Muryango Mussa , ica kabiri cinjizwa na Kavumbagu Guy ku munota wa 85 mugihe ica gatatu cinjijwe na Niyera Japhet ku munota wa 90 w’urukino.

Flambeau du Centre yaciye igira amanota 30 mu nkino 14 imaze gukina , ikaba ifata ikibaza ca 3 vy’imfatakibanza inyuma ya Bumamuru na Vital’o Fc .

Mwomenyako uwo mugwi Flambeau du Centre usigaje urukino rumwe gusa rw’ikirarane ruzoyihuza na Magara Young Boys kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 17 Kigarama 2022 ku kibuga ca CTN .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 185