Inkino

George Gatogato na Paficque mu bahagarikizi bazohagarikira CHAN 2021

Kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 2 Kigarama 2020, igisata kijejwe gutora abahagarikizi bazohagarikira inkino mpuzamakungu muri CAF cashize ahabona abahagarikizi mpuzamakungu bazohagarikira inkino z’abakinyi b’imigwi nserukira gihugu bakina mu bihugu vyabo bazohagarikira inkino za CHAN zizoba muri Cameroun mu mwaka wa 2021.

Abahagarikizi babiri mpuzamakungu b’abarundi bari ku gitigiri c’abatowe kuzohagarikira izo inkino abo nabo ni George Gatogato hamwe na Pacifique Ndabihawenimana.

Mwomenya y’uko abo bahagarikizi atari ubwa mbere baharikira inkino mpuzamakungu ziba zateguwe n’ishirahamwe ritwara umupira w’africa CAF .

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037