Inkino

Indundi Sports | Hagiye guca uwambaye hagati y’abakinyi bakera baba iburaya n’ababa mu gihugu

Abari biteze gusubira kubona Malick Jabiri asubira gukinana na Kazadi Milambwe , Stanley Maradona , Mbuyi Jean Marie Indele , Blaise Karorero , Saidi n’abandi bagiye gusubira kubabona.

Ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 24 Mukakaro 2021 isaha zine 10h zo mugatondo ku kibuga citiriwe Intwari hitezwe urukino rukomeye cane rwa kivandimwe rwitiriwe Burundi Bwacu Festival.

Urwo rukino ruzohuza umugwi w’abakinyi bakera bakina mu bihugu vya Burayi n’ahandi ndetse n’umugwi w’abakinyi basanzwe bakina hano mu gihugu.

Abakinyi bakina iburaya batanguye gushika mu gihugu nka Saidi Ndabaniwe , Blaise Karorero , Seleiman Ndikumana , Musaba Selemani n’abandi.

Mwomenya y’uko kwinjira ni amafaranga ibihumbi 2000 Fb gusa , amafaranga bazotororokanya akazofasha abakinyi bakera basanzwe babayeho mu buzima bubayabaye ndetse n’abana b’impfuvyi batishoboye .

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037