Inkino

Haringingo Francis Mbaya yahagaritswe mu mugwi Police Fc

Kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 15 Ruheshi 2021, umugwi wo mu cicaro ca mbere mu gihugu c’Urwanda Police Fc wafashe umwanzuro wo guhagarika uwahora ari umumenyereza wawo, umurundi Haringingo Francis Mbaya.

Ivyo bikaba vyemezwa n’uwusanzwe ari umunyamabanga mukuru w’umugwi Police Fc Bikorimana Obed aho avuga y’uko icatumye bahagarika amasezerano n’uwo mumenyereza ari umsaruro muke uwo mugwi umaze imisi utanga.

Police Fc ikaba iri mu mugwi wa C ukaba uri kumwe na Musanze , As Kigali hamwe na Etincelles, yatsinzwe na As Kigali urukino rwo gutangura n’urwo gusubiriza, itsinda Etincelles urukino rwo gutangura banganya urwo gusubiriza.

Mwomenya y’uko Francis Mbaya yahagaritswe mu kazi ari kumwe n’icegera ciwe Rwaka Jean Claude hamwe n’uwusanzwe anonora imitsi abakinyi ariwe Niyitunga Jean Paul.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,036