Inkino

Hussein Shabani Tchabalala yaraye afashije AS kigali kunyagira Sunrise

Kuri uyu wa mbere waraye uheze igenekerezo rya 26 Ndamukiza 2021, Umugwi As Kigali ukinamwo abarundi babiri Kwizera Pierrot hamwe na Hussein Shabani Tchabalala wakina urukino rwa kivandimwe rwaraye rubahuje na Sunrise Fc , urwo rukino rukaba rwaraye rurangiye As Kigali inyagiye Sunrise ibitsindo 4-1.

Umukinyi w’umusatirizi w’intamba mu rugamba Hussein Shabani Tchabalala akaba yarashoboye kwinjiza igitsindo ca 3 mugihe ibindi vyinjijwe na Muhajiri , Benedata hamwe na Abedi.

Hussein Shabani Tchabalala akaba yaciye akwiza ibitsindo 2 mu nkino 4 za kivandimwe amaze gukina muri uwo mugwi As Kigali uriko uritegurira ihiganwa ryo mu Rwanda rigiye gutangura mu ntango z’ukwezi kwa Rusama 2021.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037