Inkino

# Indundi Sports | Hussein Tchabalala yafashije As Kigali gutsinda Rayon Sports

 

Umusatirizi w’intamba mu rugamba Hussein Shabani Tchabalala abandanya yerekana ubutwari bwiwe mw’ihiganwa ryo mu Rwanda .

kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 23 Rusama 2021, ihiganwa ryo mu Rwanda ryari ryabandanije aho Umugwi As kigali wari wakiriye Rayon Sports birangira Uwo mugwi bita ngo ni uwabanya muji As Kigali wirahiye Rayon Sports ibitsindo 3-1.

Muhadjiri niwe yatanguye kwinjira As Kigali igitsindo ca mbere ku munota wa 33 w’urukino ica kabiri cinjizwa na Tchabalala ku mu nota wa 48 ica gatatu cinjizwa na Abeddy ku munota wa 90 mugihe ica Rayon Sport cinjijwe na Rudasingwa ku munowa wa 81.

Hussein Tchabalala yaciye akwiza ibirsindo 7 mu nkino 7 amaze gukinira uwo mugwi As Kigali akaba ari nawe musatirizi afise ibitsindo vyinshi mw’ihiganwa ryo mu Rwanda .

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037