footballhomepage

Ibi nivyo bisabwa kugira wemererwe kuba Umunywanyi wa Inter Star

Ku musi wa Gatandatu igenekerezo rya 18 Ndamukiza umwaka wa 2020, Isaha zitanu kuri Hotel Sun safari niho Icegera ca mbere c’Umukuru w’Igihugu c’Uburundi akongera agatwara n’Umugwi wa Inter star Gaston sindimwo yashira ahabona Komite yiwe bagiye gukorana ku kiringo c’imyaka Itatu .

Mw’ijambo yashikirije yarashoboye gushikiriza ibintu bimwe bimwe bisabwa kugira Umuntu yemererwe kuba Umukunzi wa Inter Star .

Akaba ari ibi bikurikira :

Umukunzi w’umugwi wa Inter adafise uburyo buhagije asabwa gutanga ibihumbi bitanu( 5000fbu) vyo kugura ikarata iranga y’uko uri Umunywanyi w’umugwi hamwe n’intererano y’igihumbi 1000fb buri ukwezi

– Komite ya barya Bantu bakuze mu mugwi ni ukuvuga abatama basabwa kugira ikarata y’ibihumbi Mirongo ibiri( 20.000fbu) hama ku kwezi babe bariha amafaranga ibihumbi cumi( 10.000fbu)

– Komite de Sage nabo ikarata bazoyigura amahera bashaka nkuko vyashikirijwe na Nyakubahwa Gaston Sindimwo

– Komite nkuru y’Umugwi ikarata izoyigura amafaranga Ibihumbiijana( 100.000fbu) barihe buri ukwezi Ibihumbi mirongo itatu ( 30.000fbu)

– Abantu bakomeye mu mugwi bita Membre d’honeur ikatara basabwa kuyigura Umuriyoni( 1.000.000fbu)

What's your reaction?

Related Posts

1 of 807