Basketball

# Indundi Sports | Igikombe c’incungu z’uburundi kigiye kuduzwa agaciro

Igenekerezo rya 21 Gitugutu 2022 uko umwaka utashe ishirahamwe Fondation Pax Burundi ryashinzwe na Honorable Réverien Ndikuriyo ryama ritunganya igikombe citiriwe incungu z’uburundi arizo Rwagasore na Ndadaye .

Ku musi rero wa gatanu rero wari umusi w’incugu y’uburundi Melchior Ndadaye , umusi wahuriranye n’urukino rwa nyuma rw’igikombe c’incungu z’Uburundi rwahuje Urunani na Dynamo aho Urunani rwatsinze Dynamo amanota 82 kuri 81.

Mw’ijambo Honorable Réverien Ndikuriyo yashikirije yabanje gushimira ishirahamwe ry’umupira w’amaboko Basketball ryama ribemererako batunganya ivyo birori , asubira kandi kuvuga y’uko buri mwaka niko bazokwama barushirizaho mu kuduza agaciro k’ico gikombe c’incungu mu kwizeza abari bishikiye ku kibuga ca Département y’uko mu mwaka uza ico gikombe kizoduzwa ku gaciro k’amafaranga angana n’imiriyoni 10 z’amarundi.

Mwomenyako yari incuro igira 6 ishirahamwe Fondation Pax riteguye ico gikombe c’incungu z’Uburundi .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 19