Inkino

# Indundi Sports | Igikombe citiriwe umuhisi Nkurunziza kigiye gutangura

 

 

Ishirahamwe  Fondation Pax Burundi risanzwe rirongowe n’umutambukanyi w’uwutwara ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi Honorable Reverien Ndikuriyo ryaratunganije igikombe citiriwe Umuhisi Petero Nkurunziza yahoze arongoye Uburundi .

Ico gikombe kikaba kizokwitabirwa n’imigwi 8 ikina mu cicaro ca mbere mu Burundi Primus League .

Iryo shirahamwe Faundation Burundi Pax rikaba ryemeye kuzofasha imigwi yose izokwitabira iryo higanwa mu bijanye n’uburyo bwose buzoba bukenewe .

Umugwi wa mbere uzorosanswa amafaranga angana n’imiriyoni 7.500.000 FB , uwa kabiri nawe aronswe amafaranga angana n’imiriyoni 5.000.000 FB , uwa gatatu azoronswa imiriyoni 3.000.000 FB , uwa kane azoronswa amafaranga Imiriyoni 2.500.000 FB .

Mwomenya ko iryo higanwa rizotangura mu kwezi kwa Rusama igenekerezo 08 gushika kurya 26 umwaka wa 2021 nkuko vyashikirijwe n’iryo shirahamwe Burundi Pax .

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037