homepageUncategorized

# Indundi Sports | Ihiganwa ry’ugusiganwa n’imiduga rigiye kubera I Gitega rizoshigikirwa bimwe biboneka na KCB

Ibintu ntibizoba vyoroshe ku musi wa gatandatu mu ntara ya Gitega , bene amazu y’uburaro , ubunwero , uburiro, n’ubutambiro bokwitegura bimwe bikomeye .

Kuri uwu wa Kabiri igenekerezo rya 10 Myandagaro 2022 Isaha zine 10h zo mugitondo , abatwara ishirahamwe ry’ugusiganwa n’imiduga ( Club Automobile du Burundi) hamwe n’indogozi z’ibanki KCB bari baramutse batunganya ikiganiro ku banditsi n’abamenyeshamakuru yo kwerekana uko iyo bank ikorana neza n’ishirahamwe ry’ugusiganwa n’imiduga, n’ingene bagiye kubafata mu mugongo mw’ihiganwa ry’ugusiganwa n’imiduga rigiye gutangura ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 14 Myandagaro 2022 gushika igenekerezo rya 15 rikazobera mu Ntara ya Gitega.

Nivyukuri Prosper arongoye ishirahamwe ry’ugusiganwa n’imiduga , yashimiye bimwe bivuye ku mutima iryo shirahamwe kubona riri mu mashirahamwe yatanguye kubafata mu mugongo kuva mu mwaka wa 2013 gushika muri kino gihe .

Akaba yarangije asaba abakunzi bizo nkino na cane cane ababa mu ntara ya Gitega ahazobera iryo higanwa nabo mu ntara zo hafi n’a Kure gusidukana n’iyonka mu kuza kuratira ijisho .

yarangije asaba abazokwitabira iryo higanwa gukurikiza amategeko yose agenga iryo higanwa hamwe no gukirikiza amategeko yo kwirinda ukiza  Covid19.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 718