Inkuru ibabaje ku bakunzi b’umukinyi wa kera wa Fc Barcelona hamwe n’umugwi nserukira gihugu wa Brezile Ronaldinho Gaoucho .
Umuvyeyi Nyina wa Ronaldinho Gaoucho Dona Miguelina yaraye yitavye imana biciye kundwara ya Covid -19 nkuko vyashikirijwe n’umuhungu wiwe.
Iyo nkuru ikaba yamenyekanye ku musi w’Imana igenekerezo rya 21 Ruhuhuma 2021, yanditswe na kimwe mu binyamakuru vyo ku gihugu ca Brezile .
Mwomenya ko mu kwezi kwa Kigarama 2020, Umukinyi Ronaldinho nawe nyene yari yatowe ingwara ya Covid -19 ariko munyuma yaravuwe arakira.