Inkino

# Indundi Sports | Ikibuga c’intwari mu mezi 6 gishobora gusubira kwakira inkino mpuzamakungu

Umwanya n’umwanya ikibuga Intwari gishobora kwemererwa na CAF gusubira kwakira inkino mpuzamakungu.

Kuri uyu wa kane igenekerezo rya 15 Nyakanga 2021, ku cicaro c’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB , uwutwara ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi umukenguzamateka Révérien Ndikuriyo ari kumwe n’uwutwara igisagara ca Bujumbura Comissaire de Police Jimmy Hatungimana baraye bicaye hamwe kugira bige ingene ikibuga c’intwari kiri mu gisagaca ca Bujumbura cosanurwa gushasha kugira gisubire kwemererwa na CAF kwakira inkino mpuzamakungu.

Mw’ijambo ryiwe, uwutwara ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi umukenguzamateka Révérien Ndikuriyo yavuze y’uko ikibuga Intwari kigiye gusanurwa gushasha n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mbere akaba ahamagarira umuntu wese yipfuza guterera mw’iterambere ry’umupira w’amaguru mu Burundi, akaba yizera y’uko mu mezi atandatu (6) ico kibuga kizoba cakwije ibisabwa na CAF .

Uwusanzwe atwara igisagara ca Bujumbura nawe Comissaire de Police Jimmy Hatungimana yashimye cane kubona ko FFB yiyumviriye kwubaka ikibuga mpuzamakungu ku murwa mukuru w’ubutunzi i Bujumbura ndetse nawe nyene akaba yemeye y’uko azoterera nawe kugira uwo mugambi ufitiye akamaro abanya Bujumbura uje mungiro.

Izo mpande zompi uko ari zibiri bumvikanye ko umushikirangaji w’inkino aramutse abaha uruhusha boca batangura ibikorwa ubwo nyene.

Mwomenya y’uko umuyobozi mukuru w’inkino n’imicokama (Derecteur Général des Sports et Culture ) yari umutumire muri ico kiyago.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,036