Inkino

# Indundi Sports | Imigwi 12 niyo igiye kwitabira ihiganwa rishasha ry’uburayi Super League

 

 

Amahiganwa nka Champions League , Europa League ashobora kutagira agaciro bivanye n’ihiganwa rishasha rishobora gutangura umwanya n’umwanya European Super League .

 

Imigwi 12 ikomeye y’iburaya niyo imaze kwemera kwinjira muri iryo higanwa nka AC Milan , Athletico Madrid , Barcelona , Inter Milan , Juventus , Real Madrid , Arsenal , Chelsea , Liverpool , Manchester City , Manchester United hamwe na Tottenham.

Mu majambo Prezida wa Juventus Andrea Agnelli yashikirije yavuze ko iyo migwi 12 yiyunze hamwe muri ibi bihe bikomeye , kugira azane impinduka mu mahiganwa y’iburaya, kandi afise n’akanovera .

European Super League izoba yitabirwa n’imigwi 20 , harimwo 15 azoba yashinze iryo higanwa mugihe iyindi migwi 5 izoba ibanza guhiganwa kugira yirabire iryo higanwa buri Umwaka .

Iryo higanwa ESL rizoba irikinwa hagati mu ndwi mugihe muyindi misi imigwi izoba ikina amahiganwa yo mu bivugu vyabo .

Bikavurwa ko uwusanzwe atwara iryo higanwa ari uwurongoye Real Madrid Florentino Perez.

UEFA ikaba yavuze ko imigwi yose izoja muri iryo higanwa ishobora guhagariwa mu mahiganwa yo mu bihugu vyabo kandi n’abakinyi bashobora kwankirwa gukinira Imigwi nserukira gihugu yabo.

Imigwi izokwitabira iryo higanwa izoba ihabwa Imiriyaridi 3.5 z’ama Euro zo gufasha guhangana n’ikiza Covid -19 kimaze imisi kibangamiye ubutunzi bw’imigwi iburaya.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037