Inkino

Impamvu yatumye Cedric Kaze atorwa nk’umumenyereza yaranze ukwezi kwa Kigarama muri Tanzania

Umumenyereza w’umurundi asanzwe amenyereza Umugwi Yang Africans Cedric Kaze yatowe nk’umumenyereza yaranze ukwezi kwa Kigarama mw’ihiganwa ryo muri Tanzania Vodacom Premier League 2020-2021.

Cedric Kaze akaba yarushije abo yahiganwa nabo nka Sven Vandenbroeack yahora amenyereza Simba Sc hamwe na Francis Baraza amenyereza Biashara United .

Impamvu Cedric Kaze yatowe nk’umumenyereza yarushije abandi muri Kigarama ni uko yatsinze inkino 4 anganya urukino 1 aronka amanota 13 bica bituma abandanya afata ikibanza ca mbere vy’imfatakibanza mw’ihiganwa ryo muri Tanzania VPL.

Akaba yaciye akwiza amezi abiri yikurikiranya atorwa nk’umumenyereza yitwaye neza gusumba muri VPL , inyuma yokuba yari yatowe mu kwezi kwa Munyonyo 2020.

Mwomenya y’uko atari Kaze wenyene yatwaye ako gashimwe na Saidi Ntibazonkiza nawe nyene yatowe nk’umukinyi yitwaye neza muri Kigarama kurusha abandi yahiganwa nabo nka Clatous Chama wo muri Simba Sc hamwe na Seif Karihe akinira Umugwi Dodoma Jiji Fc.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037