Inkino

Imyambaro ishika ku 500 yanditsweko Saidi Ntibazonkiza igiye gushirwa ahabona

 

Uwusanzwe ari umuvugizi wa Yang Africans Antonio Nugaz yavuze y’uko umukinyi w’umurundi Saidi Ntibazonkiza agiye kwitegurirwa bimwe bikomeye.

Mu kiganiro yakoranye n’imwe mu mboneshakure yo muri Tanzania Nugaz yavuze y’uko imbere y’uko Saidi Ntibazonkiza ashika muri Tanzania kwiyunga n’umugwi Yang Africans hazobanzwa gusohoka imyambaro ishika ku 500 yanditsweko izina ryiwe mu ntumbero yo kumwakira umwambaro umwe ukazogurishwa amafaranga y’ama Tanzania ibihumbi 35,000 Tsh.

Saidi Ntibazonkiza akaba yashize umukono ku masezerano yo gukinira Yang Africans mu kiringo c’umwaka n’igice, akazotangura gukinira uwo mugwi kuva mu kwezi kwa Kigarama igenekerezo rya 15 uyu mwaka wa 2020.

Saidi agiye gukina muri Yang Africans ahasanze abamenyereza babiri b’abarundi aribo Cedric Kaze hamwe n’umumenyereza w’abanyegori Niyonkuru Vladmir.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,036