# Indundi Sports | Inkino z’igikombe citiriwe incungu muri Volleyball zigiye gusozerwa

 

Ishirahamwe ry’urukino rwa Volleyball mu Burundi rirongowe na Général de Brigade de Police Serges Ntakavura ryaratunganije ihiganwa ry’igikombe citiriwe incungu ( Coupe des Heros ) izo nkino nazo zikazoba zigeze kumusozo mu mpera z’ino ndwi .

Mu kiganiro Général de Brigade de Police Serges Ntakavura yaraye akoranye n’abanditsi hamwe n’abamenyeshamakuru yavuze ko iryo higanwa ry’ico gikombe c’incugu ( Coupe des heros ) ari igikombe kigira gatatu bateguye ndetse akaba yaboneyeho n’a karyo ko gusaba abakunzi ba Volley-ball gusidukana n’iyonka mu kuza kwirabira imigwi yabo intambwe igezeko kandi zizoba ari inkino zihimbaye ijisho .

Izo nkino zizokinwa uku gukurikira :

ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 29 Gitugutu 2022, hazotangura inkino z’abigeme zizohuza GLC na ELGIA hama MUZINGA ikine na PTT bazotangura kuva isaha z’agatondo .

Igihe c’isaha zitandanu naho (12h00) hazokina abagabo bo muri RUKINZO hamwe na BISORO hama COSMOS ikine na MUZINGA.

Ku musi w’Imana naho igenekerezo rya 30 Gitugutu 2022 niho hazoca hama inkino zanyuma .

Tukabibitsa y’uko izo nkino zose zizobera ku kibuga ca Département des Sports kiri mu gisagara ca Bujumbura .

 

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,036