Inkino

#Indundi Sports| Intamba mu rugamba ntizigikinye na Comores

Manager w’intamba mu rugamba Mutima Constantin yamaze gushika i Antalya mu gihugu ca Turky kuva kuri uyu wa gatandatu waraye uheze igenekerezo rya 07 Munyonyo 2021 mu ntumbero yo gutegura ahantu abakinyi bazoba baherekeje umugwi bazoshikira.

Abakinyi bamaze gushika nabo mu gihugu ca Tanzania abo nabo ni Saido Ntibazonkiza, Styves Nzigamasabo , Bigirimana Blaise na Nahimana Jonathan hanyuma muri iri joro haza gushika Jospin Nshimirimana , Eric Ndizeye na Piclaire abo nabo bakaba basanzwe bakina muri ico gihugu ca Turky.

Gushika ubu umugwi nserukira gihugu wa Comores nturaronka ivyangombwa gutyo intamba mu rugamba zizoca zitana mu mitwe na Myanmar ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 13 Munyonyo 2021.

Bikaba bivurwa y’uko umugwi nserukira gihugu wa Siera Leone nawo nyene uriko usaba urukino rwa kivandimwe intamba mu rugamba urwo rukino rubaye muzobimenyeshwa.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037