Inkino

Intamba U 20 zihejeje kunyagirwa n’Ubuganda

 

kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 25 Munyonyo 2020, niho umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba w’abatarenza imyaka 20 wakina urukino rwa mbere rwa CECAFA U 20 n’Ubuganda basangiye itsinda, urwo rukino rukaba rwarangiye umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba unyagiwe n’Ubuganda ibitsindo 6 vyose kuri 1.

Abakinyi b’intamba bakaba berekanye intege nto bivanye n’uko benshi ari bashasha muri ayo mahiganwa.

Intamba zikaba zizokina na Soudan y’epfo urukino rugira kabiri niwaramuka urutsinze uzoshobora kuronka amahirwe yo kubandanya bivanye n’amanota iyindi migwi izoba ifise.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037