Inkino

Intamba zagumye mu kibanza ca 138 ku rutonde rwa FIFA

Nk’uko bizwi, buri kwezi ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi FIFA ryama ritanga urutonde rw’ingene imigwi nserukira gihugu yama yarushanye ibibanza , Uburundi bwagumye mu kibanza bwahoramwo ikibanza ca 138.

Mu bihugu dusangiye kano karera nka Uganda iri mu kibanza ca 83 , Kenya mu kibanza ca 104 , Urwanda mu kibanza ca 133 , mugihe Tanzania iri mu kibanza ca 135.

Kw’isi yose igihugu gifata ikibanza ca mbere ni Ububirigi bugakurikirwa n’Ubufaransa hamwe na Brezil.

Mwokwibuka y’uko Intamba zitegekanije gukina inkino zibiri zo kurondera itike yo kwitabira CAN 2022 , zizoyihuza na Republic Centrafrique hamwe na Maroc mu kwezi kwa Ntwarante zikaramuka zitsinze izo nkino zishobora kuduga ibindi bibanza bitari bike muri urwo rutonde.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037