Inkino

# Indundi Sports | Intamba zigiye gukina na Tanzania urukino rwa kivandimwe

Mu ntumbero yo kwitegurira urukino rwo gukurakuranamwo rwa CAN 2021 ruzobuza Intamba mu rugamba na Mauritanie ruzoba mu kwezi kwa Munyonyo , umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba ugiye gukina urukino rwa kivandimwe na Tanzania mu kwezi Gitugutu igenekerezo rya 11 mu gisagara ca Dar es salaam ku kibuga citiriwe Mukapa .

Ivyo bikaba vyemezwa n’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB Jérémie Manirakiza.

Urwo rukino rwa kivandimwe ruzofasha Umumenyereza mukuru w’intamba mu rugamba Alain Olivier Niyungeko kumenya abakinyi bari Ku rwerwo rwiza azohamagara kugira bitegurire irukino rwa Mauritanie.

 

Mwomenya ko Tanzania ariyo yasezereye u Burundi mu nkino zo gukurakuranamwo zo kurondera itike yo gukina igikombe c’isi kizoba muri Qatar 2022, mu rukino rwa mbere baranganije ibujumbura igitsindo 1-1 muri Tanzania naho nyene banganya igitsindo 1-1 ivyatumye baza guterana za Perenati Tanzania ica itsinda 3 Ku 0 , uburundi bubona gusezererwa muri ayo mahiganwa.

 

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037