Inkino

# Indundi Sports | Intamba zigiye gutana mu mitwe na Comores

Inyuma y’aho umugwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba unyagiriye umugwi nserukira gihugu wa Seychelles ibitsindo 8-1 mu rukino rwa kivandimwe , Intamba mu rugamba zigiye gutana mu mitwe n’umugwi nserukira gihugu wa Comores .

Urwo rukino rwa kivandimwe ruza kuba kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 07 Nyakanga isaha icumi mu masaha y’i Bujumbura ku kibuga ca Malouzini Stadium.

Urwo rukino ruzoba rukomeye cane ku Burundi bivanye n’uko ku rutonde rw’ingene imigwi igenda isumbasumbanya ibabanza muri FIFA Comores iri imbere y’Uburundi.

Uwo mugwi Comores wari wanyagiye nawo nyene umugwi wa Seychelles ibitsindo 7-1 , vyumvikana y’uko haza guca uwambaye hagati y’intamba na Comores.

Mwomenya y’uko gushika muri kano kanya abakinyi bose bameze neza nta n’umwe akitswe n’amagara canke ngo agire imvune.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037