Inkino

# Indundi Sports | Intango nziza kuri Bigirimana Blaise

Kuri uyu w’Imana w’ igenekerezo rya 06 Nyakanga 2020, niho ihiganwa ryo muri Tanzania Vodacom Premier league ryatangura Ku ndwi yaryo ya mbere .

Umugwi Namungo Fc ukinamwo abarundi batatu aribo Blaise Bigirimana ,  Steeve Nzigamasabo hamwe na Nahimana Jonathan wari wakiriye umugwi Costa Union urukino rurangira Namungo Fc itsinze Costa Union igitsindo 1-0.

Ico gitsindo kikaba cinjijwe n’umurundi Bigirimana Blaise Ku munota wa 64 w’urukino , ikaba yabaye itango nziza kuri uwo mukinyi, na rirya mw’ihiganwa riheruka uwo mukinyi yarirangije iryo  afise ibitsindo 12.

Mwomenya ko uwo Mugwi Namungo Fc ariwo uzoserukira igihugu ca Tanzania mu mahiganwa ya Caf Confederation Cup.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,036