Inkino

# Indundi Sports | Inyeyeri ya Tchabalala ibandanya yaka mu Rwanda

Umusatirizi w’umurundi Hussein Shabani Tchabalala asanzwe akinira As Kigali inyeyeri yiwe ibandanya yaka muri ico gihugu .

Hari kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 07 Rusama 2021, Niho Umugwi As Kigali wari wakiriye Umugwi Etincelles Fc mu rukino rwo mw’itsinda rya C rw’ihiganwa ryo mu Rwanda , Urwo rukino rwarangiye As Kigali yirahiye Atincelles Fc ibitsindo 2 kuri 1.

Ivyo bitsindo bibiri vya As Kigali vyose bikaba vyinjijwe n’umusatirizi w’umurundi Hussein Shabani Tchabalala kimwe yacinjije ku munota wa 26 ica kabiri ku munota wa 30 , mugihe igitsindo ca Etincelles cinjijwe na Ibrahim Hassan ku munota wa 63 w’urukino.

Tchabalala akaba yaciye akwiza ibitsindo 5 mu nkino 3 z’ihiganwa ryo mu Rwanda amaze gukinira Umugwi As Kigali .

Umugwi As Kigali ukaba waciye wifatira ikibanza ca mbere mu Mugwi C n’amanota 9 kuri 9.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037