Inkino

# Indundi Sports | Irakoze Piclaire yoba atashimwe na Yeni – Malatyasport?

 

kuri uyu wa mbere waraye uheze igenekerezo rya 01 Ruhuhuma 2021, umugwi wahora ukinamwo Ndayishimiye Youssuf Nyange Yeni Malatyasport waraye uhaye amasezerano abakinyi babiri b’intamba mu rugamba aribo Ndizeye Eric hamwe na Nshimirimana Jospin bari bamaze imisi bariko bageragezwa.

Icantangaje akaba ari  uko abo bakinyi babiri aribo bahawe amasezerano biranerekanwa icese ariko uwo bita Irakoze Piclaire yari yajanye nabo babiri abantu ntibigeze bamenya ko bamushimiye canke batamushimye.

ku makuru Indundi Sports yaronse ariko itarayemeza ni uko Irakoze Piclaire Umugwi Yeni Malatyasport wahisemwo kumushira mu mugwi wa B ugira kabiri wa Yeni Malatyasport bivanye n’uko bari bamaze gukwiza igitigiri c’abakinyi bipfuza akaba azorindira mpaka mu kwezi kwa Ruheshi igihe igurwa n’igurishwa rizoba ryamaze kugururwa .

Piclaire akaba asanzwe ari Umukinyi wo hagati mu kibuga yakuriye muri Academy ya Aigle Noir , muri kino gihe yahora akinira Umugwi Olympic Star w’imuyinga .

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037