football

# Indundi Sports | Joslin bipfubusa yahawe ubuyobozi mu bijanye n’ubuhinga muri Aigle Noir

 

 

Joslin Bipfuza yasubijwe muhira iwe  i Makamba muri Aigle Noir

kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 29 Nzero 2021, Uburongozi bw’umugwi Aigle Noir bwagenye uwigeze kuba umumenyereza w’uwo mugwi Joslin Bipfubusa nk’umuyobozi mu bijanye n’ubuhinga mu mugwi Aigle Noir .

Igenwa ryiwe rikaba ribaye inyuma yo gutanga imihoho mu mugwi Kayanza United yahora amenyereza kuva mu ntango z’ihiganwa ryo mu cicaro ca mbere Primus league 2020-2021.

Bipfubusa Joslin yavuye mu mugwi Aigle Noir mu mpera z’ihiganwa rya Primus league mu mwaka uheze igihe yari ahejeje kunyagirwa na Bs Dynamik ibitsindo 4-1 , ivyatumye uburongozi bumuha akaruhuko buca bumubwira ko azogaruka mw’ihiganwa ryo muri uno mwaka akaba atigeze agaruka muri uwo mugwi.

Joslin  ni umwe mu bamenyereza beza ba hano iwacu akaba ari nawe mu menyereza wa mbere yafashije Aigle Noir gutwara igikombe ca Primus league ubwa mbere kuvaho umugwi ushinzwe, si ico gikombe gusa yatwaye yasubiye yiyongera n’ibindi bigera kuri 3 .

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 181