Inkino

# Indundi Sports | Justin Ndikumana yafashije Bandari Fc gutsinda Kariobangi Fc

 

ku musi wa kane igenekerezo rya 04 Ruhuhuma niho Umugwi Bandari Fc ukinamwo Umunyegori w’intamba mu rugamba Justin Ndikumana wari wakiriye n’umugwi kariobangi Fc mu rukino rw’indwi ya 11 rw’ihiganwa ryo muri kenya. Urwo rukino rwarangiye Bandari Fc yirahiye Kariobangi Fc igitsindo 1-0.

Umunyegori Justin Ndikumana akaba yarasamye urwo rukino rwose mbere anakuramwo ibipira ishika kuri 4 ikomeye.

Bandari Fc ikaba iri mu kibanza ca 6 n’amanota 16 mu nkino 11 imaze gukina .

Mwomenya ko muri izo nkino 11 amaze gukina amaze kumara inkino zishika kuri 5 atinjizwa bita Clean Sheets .

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037