Hagiye guca uwambaye ku ndwi ya 20 ya Primus League hagati ya Kayanza United na Musongati Fc .
kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 30 Nzero umwaka wa 2022, isaha icenda (15h00) ku kibuga Gatwaro mu Kayanza , umugwi Kayanza United uzokwakira umugwi wa Musongati Fc wo mu ntara ya Gitega.
Umugwi Kayanza United inyuma yo kunganya na Top Junior muri Derby yari yabahuje ku ndwi ya 19 , wararahiye urarengwa y’uko udashobora gutakariza urwo rukino ku kibuga cawo.
Abakunzi b’uwo mugwi bahamagarirwa kwitabira urwo rukono ku bwinshi kugira bashobore gushigikira abakinyi b’uwo mugwi .
Mwomenya y’uko Musongati Fc imenyerezwa na Niyongabo Amars Akbar yahora amenyereza uwo mugwi Kayanza United kuva mu ntango z’ihiganwa .