Umukinyi w’inyuma wa Buja Queens hamwe n’Intamba mu rugamba Kaze Angélique yerekeje mu gihugu c’Urwanda .
Mu gatondo ko kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 13 Gitugutu 2023 , niho hamenyekana inkuru ivuga ko Rayon Sports umugwi w’abigeme waguze umukinyi w’Umurundikazi Kaze Angélique .
Gushika ubu ntawuramenya ikiringo uwo mukinyi azokinira uwo mugwi wo mu gihugu kibanyi.
Angélique yama yatumweko mu mugwi nserukira gihugu w’abigeme w’Uburundi Intamba mu rugamba .
Mwomenya ko Kaze Angélique yigeze gukinira imigwi ya La Colombe , PVP Buyenzi hamwe na Buja Queens yahora ari kizigenza wayo .