Inkino

# Indundi Sports | Manara yifatiye mu gahanga Saidi Ntibazonkiza

 

Umuvugizi w’umugwi Simba Sc wo mu gihugu ca Tanzania Hadji Manara yitafiye mu gahanga Umukinyi w’umurundi Saidi Ntibazonkiza mu kuvuga ko iyaba yari kuba akinira Simba Sc yari kuba akina iminota 20 canke 25.

Hari kuri uyu wa Kane igenekerezo rya 06 Rusama 2021, mu kiganiro Sport Arena gica kunsamiriza ya Wasafi FM , niho umuvugizi wa Simba Sc yabajijwe ukuntu abona urugero rw’umukinyi w’umurundi Saidi Ntibazonkiza , Manara akaba yishuye y’uko ari umukinyi mwiza ariko adashobora kwiruka bivanye n’imyaka.

Akaba yagize ati ‘’ Saido Ntibazonkiza ni umukinyi mwiza ariko ntashobora kwiruka kubera imyaka, iyaba yari  kuba mu mugwi Simba Sc twari kuba tumukinisha iminota 20 canke 25. ikibazo ni imyaka , ndibaza y’uko tunganya imyaka canke ansumba gato “

Ivyo vyose akaba yabivuze hasigaye imisi ibiri kugira habe urukino rwa Derby rugiye guhuza Umugwi Simba Sc hamwe na Yang Africans , urukino ruzoba ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 08 Rusama 2021 ku kibuga ca Mukapa I Dar es Salaam.

Mwomenya ko atari irya mbere abantu bavuga y’uko Saidi Ntibazonkiza amaze gusaza ariko munyuma agaca atsinda ibitsindo nkuko twabibonye mu nkino zo kurondera itike yo kwitabira CAN aho yari kumwe n’intamba mu rugamba .

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037