footballhomepageIKIRUNDI_newsInkino

#Indundi Sports| Menya abakinyi 10 bamaze kwinjiza ibitsindo vyinshi muri CAN

 

Inkino za CAN ni inkino z’imigwi nserukira gihugu ya Africa zihurumbirwa n’abanya Africa ndetse tutibagiye n’abandi batandukanye .

Muri izo nkino hariho abakinyi bamaze kuzikoreramwo amateka yo kwinjiza ibitsindo vyinshi, abo nabo akaba ari aba bakurikira :

1) Samuel Eto’o, umunya Cameroun niwe afata ikibanza ca mbere n’ibitsindo 18

2) Laurent Pokou , umunya Côté d’ivoire afata ikibanza ca kabiri n’ibitsindo 14

3) Rashid Yekini , Umunya Nigeria afata ikibanza ca gatatu n’ibitsindo 13

4) Hassan El Chazli , Umunya Egypt afata ikibanza ca kane n’ibitsindo 12

5) Patrick Mbona , Umunya Cameroun afata ikibanza ca gatanu n’ibitsindo 11

6) Hossam Hassan , Umunya Egypt afata ikibanza ca gatandatu n’ibitsindo 11

7) Joel Tiechi , Umunya Cote d’ivoire afata ikibanza c’indwi n’ibitsindo 10

8) Mulamba N’Daye , Umunya RD Congo afata ikibanza c’umunani n’ibitsindo 10

9) Kalusha Bwalya , Umunya Zambia afata ikibanza c’icenda n’ibitsindo 10

10) Francileudo Santos , Umunya Tunisia afata ikibanza c’icumi n’ibitsindo 10.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 807