Inkino

Menya aho Vital’o yakuye inguvu zatumye itsinda Flambeau du Centre

Kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 27 Nyakanga 2020, niho Umugwi Vital’o Fc wari wakiriye umugwi Flambeau du centre w’i Gitega ku kibuga c’intwari mu rukino rw’indwi ya 4 ya Primus league, urwo rukino rukaba rwarangiye Vital’o Fc yirahiye Flambeau du centre ibitsindo 2-0 , ibitsindo vyinjijwe na Shaka Tresor ku munota wa 3 hamwe na Félicien Ndabarinze ku munota w’7.

Urwo akaba ari urukino rwa mbere Vital’o Fc itsinze kuva aho ihiganwa ritanguye, bamwe bakaba bavuze y’uko icatumye Vital’o Fc itsinda urwo rukino ari uko umwumvikano watanguye kuboneka muri komite ya Vital’o Fc abandi bakavuga y’uko ata ndyane zikiri muri Vital’o Fc ahubwo ugutakaza kwabo vyatumwa no kutamenyerana kw’abakinyi.

Ku makuru indundi Sports yatohoje ndetse akanemezwa na bamwe mu bakinyi ba Vital’o Fc ni uko imbere y’uko urukino ruba abo bakinyi ba Vital’o fc bari bemerewe n’uburongozi bwabo agashirukabute kangana n’ibihumbi mirongo ndwi 70,000fb kuri buri mukinyi baramutse batsinze urwo rukino , mbere bakaba baciye batsinda urwo rukino batahukana amanota 3 ya mbere , izo nizo nguvu Vital’o Fc ishobora kuba yahawe kugira itsinde urwo rukino.

Ntawuramenya y’uko mu rukino rw’indwi igira 5 ya Primus league bazokwemererwa akandi gashirukabute gasumba ako bari bahawe mu rukino rwa Flambeau du centre kugira barabe y’uko botsinda Messager Ngozi naho atari ibintu vyoroshe.

Mwomenya y’uko muri urwo rukino baraye batsinze Flambeau du centre Kanyenkore Jean Gilbert Yaoundé yabonetse muri Staff ya Vital’o Fc nk’uko yari yabonetse mu rukino rwa Musongati Fc bikaba vyaciye biboneka y’uko icuka ari ciza hagati yiwe n’uburongozi bwa Vital’o Fc.

Kurikirana urukino rwose rwa Vital’o Fc ukuntu rwagenze ngaha musi 👇👇👇

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,036