Nkuko twabibamenyesheje Intamba mu rugamba ku musi w’Imana zizoba ziriko ziratana mu mitwe na Tanzania mu rukino rwa Kivandimwe ruzoba ku musi w’Imana igenekerezo rya 11 Gitugutu 2020 , Isaha icenda mu masaha y’i Bujumbura .
Tukaba twashatse kubamenyesha ingene iyo migwi imaze gutsindana muri kahise ka hafi .
Mu nkino 10 ziheruka iyo migwi imaze guhura bamaze gutsindana uku gukurikira:
Mu mwaka wa 2009 Tanzania yarakinye n’uburundi urukino rwa kivandimwe birangira Tanzania itsinze Uburundi 3-2.
– Mu mwaka wa 2010 iyo migwi yahuye muri CECAFA Challenge Cup y’abakunze Tanzania isubira gutsinda Uburundi ibitsindo 2-0.
– mu mwaka wa 2012 iyo migwi yakinye urukino rwa Nile Basin urukino rurangira iyo migwi inganije igitsindo 1-1
– mu mwaka wa 2012 ivyo bihugu vyaguye muri CECAFA Challenge Cup z’abakuze , Uburundi butsinda Tanzania Igitsindo 1-0.
Mu mwaka wa 2013 muri CECAFA Challenge Cup kandi ivyo bihugu vyahuye Tanzania itsinda Uburundi igitsindo 1-0
– mu mwaka wa 2014 ivyo bihugu vyakinye urukino rwa kivandimwe mpaze Uburundi butsinda Tanzania ibitsindo 3-0
– mu mwaka wa 2014 ivyo bihugu vyasubiye bikina urukino rwa kivandimwe Uburundi butsinda Tanzania ibitsindo 2-0
Mu mwaka wa 2017 ivyo bihugu vyasubiye bikina urukino rwa kivandimwe mpaze Tanzania itsinda Uburundi ibitsindo 2-1
– mu mwaka wa 2019 ivyo bihugu vyasubiye guhura mu nkino zo gukurakuranamwo zo kurondera itike yo gukina igikombe c’isi mpaze Ivyo bihugu ibona kunganya igitsindo 1-1 .
Muri uwo mwaka nyene wa 2019 , barakinye urukino rwo gusubiriza rwo kurondera itike ryo kwitabira inkino z’igikombe c’isi , iyo migwi yose ibona kunganya kandi igitsindo 1-1 baca batera za Perenatie Tanzania ibona gusezera Uburundi kuri 3-0.
Duharuye dusanga Tanzania iri imbere Ku Burundi kuko imaze gutsinda inkino 4 ikanganya inkino 3 mugihe Uburundi bwatsinze Tanzania incuro 3 banganya incuro 3.
Turavye Ku gihugu cinjije ibitsindo vyinshi usanga Uburundi aribwo bwinjije vyinshi kuko bwinjije ibitsindo 12 mugihe Tanzania nayo yinjiza ibishika kuri 11.