Inkino

# Indundi Sports | Messager Ngozi ihejeje gutahukana igikombe ca Primus co mu mwaka wa 2021

 

Ubukambwe n’uburambe mu kumenyera gutwara ibikombe biri mu vyatumye Messager Ngozi itahukana i gikombe ca 3 ca Primus league 2020 -2021.

 

kuri uyu w’imana igenekerezo rya 23 Rusama 2021, niho ihiganwa rya Primus League ryo muri uwo mwaka ryasozerwa,  Umugwi Messager Ngozi wari wakiriye Umugwi  Flambeau du Centre wariko urondera inota rimwe gusa kugira utahukane igikombe ariko vyaciye biyankira , birangira
Messager Ngozi ibatsinze ibitsindo 2-0.

Igitsindo ca mbere ca Messager Ngozi cinjijwe na Nizigiyimana Ismail batazira Semele mu gihe ica kabiri cinjijwe na Niyibikora Arthur .

Messager Ngozi ikaba yaciye irangiza ihiganwa ifise amanota 55 mu gihe Flambeau du centre yagumanye amanota 54.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037