Inkino

# Indundi Sports | Mike Tresor Ndayishimiye ntariko araja gukinira igihugu c’Urwanda

 

Mu kiganiro Manager w’umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba Mutima Constantin yakoranya na Indundi Tv yahumurije abarundi ku makuru yanditswe na kimwe mu bimenyeshamakuru vyo mu gihugu c’urwanda kivuga y’uko Umukinyi Ndayishimiye Mike Tresor ari mu biganiro n’igihugu c’urwanda kugira baraye y’uko yoja kuginira .

Kuri Manager w’intamba Mutima Constantin ngo ayo makuru siyo ni ibinyamakuru vyashaka kugurisha inkuru gusa kuko abavyeyi biwe bose barayaze iyaba Se wiwe canke Nyina wiwe.

Mutima kuri iyo nkuru ya Mike Tresor yarangijr avuga ko uwo mukinyi yasavye y’uko yohabwa umwanya akiyumvira ko yofata ingingo yo kuza gukinira Umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba .

 

Mike Tresor akaba amaze gukinira Umugwi nserukira gihugu w’abakiri bato w’ububirigi .

 

 

Mwomenya ko Se wiwe yigeze gukinira Intamba my rugamba mu myaka ya kera ndetse muri kino gihe akaba yarahawe amabanga yo kuza ararondera impano z’abana bakiri bato b’abarundi akazizana kuza gukinira Igihugu camuvyaye.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037