Inkino

Mutima : Saidi Ntibazonkiza azoboneka mu rukino rwa Centrafrique na Maroc

Abahora bibaza y’uko Saidi Ntibazonkiza atazoboneka mu nkino zibiri zo kurondera itike ryo kwitabira inkino za CAN 2022 zizohuza Uburundi na Centrafrique hamwe na Maroc mu kwezi kwa Ntwarante kubera imvune sivyo.

Mu kiganiro Manager w’intamba mu rugamba yaraye akoranye na Indindi Tv yavuze y’uko abakinyi bose bakomeye kiretse abari bafise imvune nabo bamaze gutangura imyimenyerezo kiretse Saidi Ntibazonkiza ari mu karuhuko akaba amaze gutangura imyimenyerezo ya wenyene Gym.

Abajijwe y’uko hoba hari icizere c’uko uwo mukinyi azoboneka mu kibuga mu nkino zibiri zizobahuza na Centrafrique hamwe Maroc , Manager yavuze y’uko icizere kihari kuko irya mvune Saidi Ntibazonkiza yari asanzwe agifise ariko kubera kwitangira igihugu yemera gupfira mu kibuga anarangiza avuga y’uko akaruhuko yahawe n’abaganga gasigaje indwi zibiri gusa kugira asubire mu kibuga.

Mwomenya y’uko mu misi iheze niho umuvugizi wa Yang Africans yavuga y’uko uwo mukinyi azomara ikiringo c’ukwezi ataboneka mu kibuga.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037