Inkino

# Indundi Sports | Mwari muzi ko Nkurunziza Cup yatwaye Imiriyoni 90 z’amarundi?

 

Amafaranga ashika ku miriyoni 90 z’amarundi niyo mafaranga Faundation Burundi Pax yakoresheje mu gutegura igikombe citiriwe Umuhisi Prezida Petero Nkurunziza yahoze arongoye Uburundi .

 

 

Ivyo bikaba vyashikirijwe na Honorable Reverien Ndikuriyo aramutswa ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB mu birori vyo gusozera ihiganwa rya Primus league 2020-2021.

Honorable Reverien yarasubiye avuga ko iryo higanwa Nkurunziza Cup ari ihiganwa rifise intumbero yuko amahera yose azorengako ari amahera yo gufasha ibikorwa Umuhisi Prezida Petero Nkurunziza yasize atarangije .

Akaba yasubiye avuga ko yibazako igikombe ca Nkurunziza Cup bazoronkamwo  Imiriyoni hafi amajana abiri 200,0000 zo gufasha ibikorwa Prezida Nkurunziza yasize ataragije .

Mwomenya kandi ko ku ntwaro y’umuhisi Prezida Nkurunziza Uburundi bwungutse ibintu bitari bike nko kwitabira amahiganwa mpuzamakungu ya CHAN ya bakiri bato na bakuze , amahigwa ya CAN , ibibuga bitari bike vyarubatswe mu Ntara zo hagati ndetse n’ibindi .

 

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037