Inkino

# Indundi Sports | Ndarusanze Jean Claude amaze kugura muri Rutsiro Fc yo mu Rwanda

 

 

Inyuma yo kurangiza amasezerano yari afitaniye na Kayanza United mw’ihiganwa ry’umwaka uheze , Umusatirizi w’umurundi Ndarusanze Jean Claude batazira Lamba Lamba yaguzwe n’imugwi Rutsiro Fc wo mu gihugu c’Urwanda .

Uwo mugwi agiye gukinamwo akaba ari Umugwi waduze mu cicaro ca mbere muri uno mwaka .

Akaba kandi yashize umukono ku masezerano yo kuwukinira mu kiringo c’amezi atarenga abiri bivanye n’uko iryo higanwa ryo mu gihugu c’Urwanda rizomara amezi abiri gusa rikazotangura mu kwezi kwa Rusama igenekerezo rya 01 umwaka wa 2021.

Claude Ndarusanze akaba amaze kuba Umusatirizi yinjije ibitsindo vyinshi mu Burundi ari kumwe na LLbS4A hamwe no mu Rwanda ari kumwe na AS Kigali .

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037