footballhomepageIKIRUNDI_newsInkino

Ndayishimiye Youssuf Nyange mu nzira yo gukina mw’ihiganwa rimwe na Messi

Umukinyi wo hagati w’intamba mu rugamba Ndayishimiye Youssuf Nyange umwanya n’umwanya ashobora gushira umukono ku masezerano yo gukinira umugwi wo mu cicaro ca mbere mu gihugu c’Ubufaransa League 1.

Youssuf Nyange ariko aronderwa n’umugwi wa Bordeaux usanzwe uri mu kibanza ca 17 muri iryo higanwa. Uwo mugwi imbere y’uko wiyumvira Ndayishimiye Youssuf Nyange wari wipfuza cane kugura umukinyi w’inyuma wa Manchester United ariko mu nyuma aranka kuwusinyira.

Youssuf amaze gukina inkino 22 z’ihiganwa ryo mu cicaro ca mbere mu gihugu ca Turkia ari kumwe n’umugwi wiwe wa Instanbul Basaksehir, bikavurwa y’uko ibiganiro bigeze kure hagati ya Instanbul Basaksehir hamwe na Bordeaux.

Mwomenya y’uko Ndayishimiye Youssuf Nyange yari asanzwe afise amasezerano n’umugwi wa Instanbul Basaksehir gushika mu mwaka wa 2025.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 807