Inkino

# Indundi Sports | Ngiyi Impamvu yatumye urukino rw’intamba na Algerie rusiba

 

kuri uyu wa gatatu waraye uheze igenekerezo rya 09 Ruheshi 2021, niho umunyamabanga mukuru wa FFB Jérémie Manirakiza yashikiriza Abakunzi b’intamba mu rugamba yashikirza y’uko urukino rwa kivandimwe rwari guhuza Intamba mu rugamba na Algerie rutakibaye ku munota wanyuma, ari nayo mpamvu inkino zitiriwe umuhisi Petero Nkurunziza zari zashizwe ku musi wa gatanu igenekerezo rya 11 Ruheshi 2021.

Manirakiza akaba yagize ati ‘’ Bonsoir,

Match amical Algérie-Burundi irasivye à la dernière minute.
Ninayo yari yatumye matches ziba Vendredi.
Kugira iyi tournoi ” Nkurunziza Cup ” , abantu benshi bayikwirikirana, bigatuma na recettes ziduga, zizotuma oeuvres Président Nkurunziza yariko ararangura , zibandanye avec une partie de ces retombées financières , les organisateurs de ce tournoi programment ces matches dimanche.

Merci de la compréhension.

Le calendrier sortira demain.

ku makuru Indundi Sports yakuye mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB ni uko urwo rukino rwasivye bivanye n’ibura ry’indege yo kwunguza abakinyi ribakure I Bujumbura gushika muri Algerie , ivyo rero vyogorana kuko indege nyinshi kugira zije Algerie zibanza guca i Buraya ivyo rero bica bisaba ko Uburundi buronswa Visa ibemerera guca kubibuga vy’iburaya ari nayo mpamvu yatumye urwo rukino rusiba .

Urwo rukino rwasivye rukaba rwari rutegekanijwe kuba igenekerezo rya 16 Ruheshi 2021 mu gihugu ca Algerie .

Mwomenya ko urwo rukino ari urukino rwa kivandimwe rugira kabiri Intamba mu rugamba zisivye zikurukinya inyuma y’urwari rutegekanijwe kuba igenekerezo rya 03 Ruheshi 2021 rwari guhuza Intamba mu rugamba na Egypt .

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037