homepagekirundi_Sports

# Indundi Sports | Ngiyo impamvu yatumye Nshimirimana Jospin atajana n’abandi muti Cameroun

Jospin Nshimirimana ntari mu rutonde rw’abakinyi 24 b’Intamba mu rugamba bagiye kwerekeza mu gihugu ca Cameroun mu ntumbero yo gutana mu mitwe n’igico gihugu mu ntumbero yo kurondera itike yo kwitabira inkino zanyuma za CAN 2024 .

Impamvu yatumye uwo mukinyi atitabira urwo rukino si ikindi , n’uko akiri mu nzira yo gushakisha umugwi mushasha mu gihugu ca Turquie .

Ivyo rero vyaciye bituma atitabira ubutumire bw’intamba mu rugamba , yihenze gato agasohoka igihigu ca Turquie vyogorana ko aronka umugwi , mugihe bivurwa y’uko Mercato izorangira igenekerezo rya 15 muri ico gihugu.

Mu kibuka y’uko mu misi iheze vyaravuzwe y’uko uwo mukinyi amaze kugurwa n’umwe mu migwi ikomeye muri Turquie witwa Demirsport wo mu cicaro ca mbere, ariko birangira uwo mugwi udahaye amasezerano uwo mukinyi .

Mwomenyako uwo mukinyi w’Intamba mu rugamba Jospin Nshimirimana yari mu rutonde rw’abakinyi 11 bari batangujwe n’umumenyereza w’Intamba mu rugamba Etienne Ndayiragije mu rukino ruheruka rwahuje Intamba mu rugamba na Namibia .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 745