homepageUncategorized

# Indundi Sports| Ngo Musongati Fc ni umurwi ugoye cane awusezeye azoba atwaye igikombe

“Umurwi Musongati Fc niwo murwi wama wangoye cane ndawusezeye nzoba ntwaye igikombe c’umukuru w’igihugu .”

Ivyo bikaba vyarashikirijwe n’umunyamabanga mukuru w’umurwi Bumamuru Fc Niyonsaba Jean Paul inyuma yo gutahukana igikombe ca Primus League 2022-2023 .

Akaba yagize ati: ’’ Nari nababwiye ko Primus League itazova i Buganda, ndibazako nabivuze kuva mu nkino zo gutangura ( Fase Aller) muravyibuka ko nabibababariye , kuko nabona ko imyiteguro ihari y’abarongoye imirwi ihagije kandi abarongozi  twakorana neza tukayaga  neza kandi tugahuza ,  nico gituma nari mfise icizere co gutwara igikombe ‘’

‘’ Igikombe c’Umukuru w’igihugu naho nyene Imana ibishatse dushobora kugitwara , kuko mu gikombe c’Umukuru w’igihugu urukino tubona ko rwotugora gato ni urwa Musongati Fc naho nyene tuzokina ariko tuyirenganye muzoce mumenya ko nico gikombe kizoca kija i Buganda .

Mwomenyako urukino rwo gutangura rw’igice 1/2 gishira icanyuma c’igikombe c’Umukuru w’igihugu umurwi Musongati Fc waraye wakiriye Bumamuru Fc urukino rurangira imirwi yose inganije 0-0 , mugihe kurundi ruhande umurwi wa Aigle Noir Cs waraye unganije na Vital’o Fc igitsindo 1-1.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 718