Inkino

# Indundi Sports | Coach Robert agiye kwerekeza hehe?

Bimenyimana Robert  amenyereza umugwi New Oil wo mu cicaro ca kabiri yamaze kurangiza amasezerano n’uwo mugwi gushika muri kano kanya abantu bariko baribaza iyo azokwerekeza .

 

Robert ni umwe mu bamenyereza bafise Licence C kandi yama yitwara neza mu nkino za Primus league Burundi .

Asanzwe afise ubumenyi bwo kumenyereza ihiganwa ryo mu cicaro ca mbere, akaba amaze kumenyereza imigwi ya Les Crocos , Les jeunes Athletic, Muzinga Fc , Rumonge City , aduza Transport mu cicaro ca 3.

Hampande y’iyo migwi yanabaye umumenyereza wa Inter Star awuvamwo kubera ikibazo co kutumvikana n’uburongozi bw’uwo mugwi, ayivuyemwo yaciye yerekeza muri Les lierres munyuma ayivamwo kubera ukwitwara nabi  kw’abakinyi ari nakwo guca yerekeza muri New Oil ayigumiza mu cicaro ca kabiri nkuko yari yabisabwe na barongoye uwo mugwi .

Bimenyimana  akaba ari umwe mu bamenyereza badakunda uwubinjirira mu kazi, mu misi iri mbere tuzobabwira umugwi wo mu cicaro ca mbere agiye kubarizwamwo, ibiganiro bikaba bigeze kure n’imirwi itandukanye.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037