Inkino

Nimubona Emery yerekeje muri Kenya kwumvikana na Sofapaka

Kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 13 Nzero 2021, Umukinyi w’inyuma w’intamba mu rugamba akongera agakinira Umugwi Musongati Fc yuriye indege yerekeza mu gihugu ca Kenya mu ntumbero yo kwumvikana n’umugwi Sofapaka Fc ukina mu cicaro ca mbere .

Nimubona Emery Kadogo akaba ari umwe mu bakinyi bafashije Intamba mu rugamba kwitwara neza mu nkino zibiri zahuje Intamba mu rugamba na Mauritania mu mwaka uheze .

Akaba amaze gukinira imigwi itari mike yo muri kano karere nka hano mu Burundi amaze gukinira imigwi ya Nile Olympic , Athletico Olympic, Vital’o Fc mu Rwanda yakiniye Umugwi Bugesera muri Congo yakiniye Bukavu Dawa yarakinye no mu gihugu ca Tanzania mu mugwi Simba Sc muri kino gihe yari asanzwe akina mu mugwi Musongati Fc.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037