Inkino

Nzeyimana Johainy yakinye muri Portugal yaguzwe na Vital’o Fc

Umugwi Vital’o Fc ubandanya wibukana kugira urabe y’uko uzobandanya witwara neza mu nkino zo gusubiriza ndetse n’izigikombe citiriwe Umukuru w’igihugu.

Nzeyimana Djuma Johainy muri kino gihe ni umukinyi wa Vital’o Fc akaba yarashoboye gukina urukino rwahuje Umugwi Bumamuru hamwe na Vital’o.

Ni umwe mu bakinyi beza bakina hagati mu kibuga ku nimero 8 canke 10 , akaba azohora afashanya n’umukinyi w’intamba mu rugamba Nahimana Shassir .

Johainy yigeze gutumwako mu mugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba naho atari cane , akaba asanzwe akoresha ukuguru kw’ububampfu, akaba agiye muri Vital’o Fc asa nk’uwagarutse mu rugo kuko yarigeze kuyikinira mu myaka 10 iheze aca aja mu gihugu ca Mozambique.

Hampande y’umugwi wa Vital’o fc, amaze gukinira imigwi ya Chibuto yo muri Mozambique , Costa du Sol yo muri Zambia , Napsa Star yo muri Zambia hamwe na Pasco Fereira na Tondela Fc muri Portugal.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037