Inkino

Officiel: Kwizera Eric agiye gukinira Namungo Fc

Inyuma yo kugeragezwa mu nkino z’igikombe ca Mapinduzi ziriko zibera muri Zanzibar mu nyuma agaca yitwara neza mu gutorwa nk’umukinyi yaranze urukino rwabahuje na Jamhuri ndetse akanatsinda igitsindo, Kwizera Kirungo yahavuye ahabwa amasezerano.

Kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 13 Nzero 2021 , niho yahavuye ashira umukono ku masezerano yo gukinira Umugwi Namungo Fc mu kiringo c’imyaka 2.

Akaba agiye gukina muri uwo mugwi ahasanze abandi bagenzi biwe b’abarundi nka Styve Nzigamasabo , Bigirimana Blaise hamwe n’umunyegori Nahimana Jonathan.

Mwomenya y’uko Kwizere Eric Kirungo yakiniye umugwi wa Les Lierres ari nawo mugwi wiwe wamukujije muri kino gihe yari asanzwe akinira Umugwi Olympic Star w’i Muyinga.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037